Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw'isi, Amnesty International, kuri uyu wa gatatu, ryatangaje ko inama nshingamateka y'Uburundi yotegerezwa gutorera inyishu ibintu bitari bike bibuze mw'itegeko ryemejwe mu mwaka w'i 2016 rirwanya amabi akorwa afatiye ku gitsina.
Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko ibintu bidahuye biri hagati y’iryo tegeko n’amategeko mpanavyaha yemejwe mu mwaka w’i 2017 bituma ibintu bidatomora neza ku vyerekeye mategeko abacamanza bokwisusnga.
Amnesty International ryavuze ko gutorera inyishu ico kibazo vyotuma abageremirwa n’amabi akorwa yisunze igitsinda bakingirwa kandi baronswa ubutungane kurushiriza.
Umuyobozi w’ishirahamwe Amnesty International, mu karere ko muri Afrika yo mu buserurko n’iyo mu bumanuko, Sarah Jackson, yavuze ko mu gihe itegeko rihana amabi akorwa afatiye ku gitsina ryo mu mwaka w’i 2016 ari intambwe ikomeye yashitsweko, ntirikwije ibisabwa n’akarere canke n’amakungu.
Sarah Jackson, yatangaje ko itegeko ryo mu mwaka w’i 2016 ryongeye ibitari bike mu ntumbero yo kurwanya amabi akorwa afatiye ku gitsina, nko gusigura neza ivyerekeye gufata abantu ku nguvu. Yamara yasiguye ko ku bibazo bimwe bimwe iryo tegeko rihonyanga agateka ka muntu nko guta amakosa ku bakorwa amabi afatiye ku gitsina.
Ishirahamwe, Amnesty International ritangaza ko kuba itegeko rihana amabi akorwa afatiye ku gitsina hari ivyo rihahuriyeko n’amategeko mpanavyaha ahari bigira ingaruka mbi kuri zimwe mu ngingo zifise akamaro gakomeye z’iryo tegeko.
Akarorero, igihe amategeko mpanavyaha yahiyanyurwa mu mwaka w’i 2017, ntiyakoresheje insiguro ya nyuma yerekeye gufata abantu ku nguvu yatanzwe n’itegeko rirwanya amabi akorwa afatiye ku gutsina ryo mu mwaka w’imbere yaho w’i 2016.
Insiguro muri iryo tegeko ku vyerekeye gufata abantu ku nguvu ivuga ko ivyo biba mu gihe ata kwumviukana kuba kwahabaye. Amategeko mpanavyaha yo mu mwaka w’i 2017 yagumuijeho insinguro ya kera ishimikira kw’ikoreshwa ry’inguvu.
Ishirahamwe, Amnesty International, ryavuze ko insiguro yuzuye yisunga amategeko mpuzamakungu ku vyerekeye agateka ka muntu ku bijanye no gufata abantu ku nguvu ari iyiri mw’itegekeo ryo mu mwaka w’i 2016.
Iryo tegeko riratomoye ku bacamanza, abashikirizamanza, abapolisi n’abandi bategetsi bajejwe ubutungane no kwubahiriza amategeko. Ishirahamwe, Amnesty International ryasavye ko ingingo ziri mw’itegeko rihana amabi akorwa afatiye ku gitsina zihana ababana batubakanye mu mategeko zovanwaho.
Izo ngingo zirahonyanga uburenganzira bwo kubaho mw’ibanga, ubuzima bw’imiryango, uburinganire hagati y’abantu, hamwe no kudakumira Ingingo ya 60 mw’itegeko rihana amabi akorwa afatiye ku gitsina ryo mu mwaka w’i 2016, rirahana inyifato ituma amabi fatiye ku gitina akorwa.
Iryo tegeko rikaba ryarashavuje abatari bake igihe ryarengana kubera ryashize mu ngingo zaryo uburyo bwo kwambara impuzu budashemeye, rivuga ko bishobora gutuma abazambaye muri ubwo buryo bashobora gukorerwa amabi afatiye ku gitsina.
Ishirahamwe, Amnesty International ritangaza ko iyo ngingo hamwe n’izindi ziri muri iryo tegeko zihana abakorerwa amabi afatiye ku gitsina, kandi zikabambika iceyi zikmwiriye kuvanwaho. Iryo shirahamwe rivuga ko uretse guhinyanyura gushasha ivyerekeye amategeko,
abategetsi b’Uburundi botegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira haboneke uburyo n’inyigisho bikwiriye mu ntumbero yo gufasha gushira mu ngiro amategeko. Iryo shirahamwe isaba kandi abageramiwe n’amabi akorwa afatiye ku gitsina gufashwa mu buryo bukwiriye.
Rimenyesha ko bategerezwa kugishwa inama mu mugambi wo guhinyanyurwa amategeko gushasha, hamwe no mu gufata ingingo ku bijanye no gushira mu nginro ayo mategeko.
Ishirahamwe Amnesty International ryasavye kandi Uburundi kwemeza no gushira mu ngiro vyihutirwa amategeko yerekeye uburenganzira bw’abapfasoni ku mugabane wa Afrika yateweko igikumu mu gisagara ca Maputo, muri Mozambike, haraheze imyaka 20.
Ayo mategeko yaragize uruhara rukomeye cane mu guharanira uburenganzira bw’abapfasoni ku mugabane wa Afrika. Yarafashije kandi abapfasoni kuronswa ubutungane. (AMNESTY INTERNATIONAL)
Forum