Mu Burundi, ikigo c'igihugu kijejwe kwegeranya amatagisi n'amakori ya Reta OBR cemeza ko ubuhinga ngurukanabumenyi bwafashije mu kurwanya ubusuma hamwe no guta umwanya ku mutangakori.
Iki kigo gitangaza kandi ko ikoreshwa ry'ubuhinga bwa none ryatumye amahera yinjira mu kigega ca Reta yiyongera.
Kuri uyu wa kabiri, ikigo OBR cahimbaje umusi wahariwe umutangakori mu Burundi, mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura.
Icivugo cawo kigira giti: “dukoreshe ubuhinga bwa none mu kuriha amatagisi n’amakori, twongere dushigikire iterembere ry’igihugu”.
OBR yemeza ko kuva kw’itariki ya mbere y’ukwa munani uyu mwaka gitanguje isekeza ryo gukangurira abatangakori mu Burundi kwijukira gukoresha ubuhinga bwa none, ibice 80 kw'ijana vyabo bamaze gutangura gukoresha ubwo buryo.
Kuva ico gihe, nk’uko bitangazwa na komiseri mukuru w’ico kigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amatagisi n’amakori ya Reta Jean Claude Manirakiza., harabaye akarusho.
Ariko umushikiranganji w’ikigega ca Reta Audace Niyonzima. ntiyishimiye uko abakozi ba OBR bakora mu kwinjiriza igihugu.
Mbere yagiriza bamwe mu bakozi b’ico kigo gukora ubusuma bukabije
Eka na Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko ikigo OBR kiri mu nzego zizingamitse ubutunzi bw’igihugu. Mu mpera z’ukwa cumi yitabaje inzego z’umutekano kugira zimufashe mu co yise” urugamba rw’ukunagura ubutunzi”.
Yavuze ko hafi ibice 85 kw'ijana vy’amafaranga yokwinjiye mu kigega ca Reta buri mwaka, aja mu mipfuko y’abantu, bitewe ahanini n’abari bajejwe gutoza amatagisi n’amakori. Aha yari i Bugarama bwa Muramvya.
Manirakiza atwara ikigo OBR yibutsa ko umusi nk’uyu wahariwe umutozakori atari ibirori gusa, ahubwo ufise intumbero ikomeye.
Forum