Uko wahagera

Putin w'Uburusiya Mu Rugendo Mu Burasirazuba Bwo Hagati


Prezida Vladimir Putin yagiye gake hanze y’igihugu ciwe kuva arungitse inteke muri Ukraine
Prezida Vladimir Putin yagiye gake hanze y’igihugu ciwe kuva arungitse inteke muri Ukraine

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, kuri uyu wa gatatu azogendera Arabiya Sawudite na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu.

Umuvugizi wa Prezida Putin, Dmitry Peskov, yavuze ko Prezida Putin azoganira ivyerekeye imigenderanire hagati y’igihugu ciwe n’abategetsi b’ivyo bihugu vyompi, intambara hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas na politike mu makungu.

Peskov yatangaje ko Putin azoganira kandi ivyerekeye amasoko y’ibitoro mu rugendo rwiwe. Ni inyuma y’uko Uburusiya, kimwe mu bihugu 10 bigize ishirahamwe ry’ibihugu bishorera ibitoro hanze, OPEC, butangaje ko buzogabanya bikomeye ibitoro bushorera hanze.

Urwo rugendo ruzoba rubaye mu gihe Uburusiya buriko burondera ibihugu bigirana ubucuti mu makungu naho bwakumiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ku ngwano iriko ibera muri Ukraine.

Prezida Putin yagiye gake hanze y’igihugu ciwe kuva arungitse inteke muri Ukraine, no kuva sentare mpuzamakungu mpanavyaha isohoye umutahe wo kumuhagarika, inyuma y’uko iyo sentare imwagirije ko yanyuruje abana bo muri Ukraine akabajana mu gihugu ciwe.

Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu ziriko zakira muri iki gihe ikoraniro mpuzamakungu rigira irya 28 kw’ihindagurika ry’ibihe.

Yamara ibiro vya Prezida Putin ntivyatangaje niba azokwitaba ibiganiro biriko biraba muri iryo koraniro. Putin ntiyitavye inama zikomeye zitari nke zabereye mu makungu kuva igihugu ciwe gitanguye ibitero muri Ukraine, mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2022.

Forum

XS
SM
MD
LG