Uko wahagera

Muri Guinee-Bissau Inteko Zijejwe Umutekano Zatanye mu Mitwe


Abasirikare ba Guinee-Bissau mu karasisi
Abasirikare ba Guinee-Bissau mu karasisi

Amasasi yarasanye ku murwa mukuru wa Guinee-Bissau, mw'ijoro ryo ku musi wa kane, akaba yabandanije kwumvikana gushika mu gitondo co kuri uyu wa gatanu.

Amakuru atangwa n'ibinyamakuru vyo ku murwa mukuru, yavuze ko nteko zijejwe umutekano zatanye mu mitwe inyuma y'uko abategetsi babiri bakomeye ba reta bari bapfunzwe, barekuwe mu buryo budatumbereye.

Umumenyeshmakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ari ku murwa mukuru, Bissau, yatangaje ko uko gutana mu mitwe kwabereye mu gice c’umurwa mukuru citwa Luanda, aho inteko zijejwe gukingira imbibe z’igihugu n’abanyagihugu ziherereye.

Amasase yarumvikanye ku murwa mukuru, Bissau, igihe inteko zijejwe gukingira ikirimba c’umukuru w’igihugu n’inteko zijejwe gukingira imbibe z’igihugu n’banyagihugu zatanye mu mitwe, inyuma y’aho abategetsi babiri bakomeye ba reta bari bapfunzwe, barekuwe mu buryo budatumbereye.

Abo bategetsi bariko bakorwako itohoza ku vyo bagirizwa vyerekeye ruswa. Ikinyamakuru, The Democrat, ni co catangaje iyo nkuru.

Abo bategetsi, Suleimane Seidi, umushikiranganji ajejwe ubutunzi n’ikigega ca reta na Antonio Monteiro, umumenyamabanga ajejwe ikigega ca reta, bari bapfunzwe, mu gihe reta yariko ibakorako itohoza ku vyaha vya ruswa bagirizwa.

Bompi basubiye guhagarikwa gatoyi inyuma y’uko barekuwe mw’ijoro ryo ku musi wa kane. Ivyo ni vyo vyatume izo nteko zitana mu mitwe. Urwo ruhagarara hagati y’izo nteko zompi rwateye amakenga ko hashobora kuba kudeta mu gihugu. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG