Uko wahagera

Intambara Hagati ya Isirayeli n'Umurwi wa Hamasi Yasubiye Kubandanya


Igisirikare ca Israyeri catangaje ko ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas yasubiye kubandanya, inyuma y’uko umurwi Hamas urenze ku gahengwe k’igihe gitoyi kari kumvikanyweko, hamwe n’inyuma y’uko uwo murwi ukoze ibitero vya rokete ku butaka bwa Israyeri.

Igisirikare ca Israyeri catangaje ku rubuga X, rwahoze rwitwa Twitter, ko casambuye rokete umurwi Hamas warashe ku butaka bwa Israyeri ziturutse mu ntara ya Gaza.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamasi mu ntara ya Gaza, bwatangaje ko abantu batari musi ya 32 bapfuye mu masaha ya mbere yo mu bitero Israyeri yakoze mu ntara ya Gaza kuri uyu wa gatanu.

Ugusubira kubandanya kw’ingwano hagati ya Israyeri na Hamasi kubaye inyuma y’agahengwe kari kamaze imisi indwi. Ako gahengwe kari kahaye uburenganzira

Hamas bwo kurekura Abaya-Israyeri wari wagize imbohe mu gihe Israyeri na yo yarekuye abanyororo b’Abanyapalestina yari ipfungiye ku butaka bwayo.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, ku musi wa kane, yarabonanye na Prezida wa Israyeri, Isaac Herzog ku murwa mukuru, Tel Aviv. Mu ntango y’inama hagati yabo, Blinken yabwiye Herzog ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemera ko agahengwe kari kashitsweko hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas kagize akamaro, ari na co gituma kotegerezwa kubandanya.

Antony Blinken agira ati: Mu ndwi irangiye twarabonye intambwe nziza zashitsweko ku vyerekeye abari bagizwe imbohe batahutse mu miryango yabo, basubiranye n’imiryango yabo. Ni igikorwa cotegerezwa kubandanya muri iki gihe. Vyatumye kandi imfashanyo zigenewe abasivile ataco bazira mu ntara ya Gaza bazikeneye vyihutirwa cane ziyongera. Ico gikorwa kiriko kiragira akamaro gakomeye. Ndizeye ko gishobora kubandanya.

Inyuma y’uko abonanye na Prezida wa Israyeri, Isaac Herzog, umushikiranganji ajejwe imigenfderanire wa Amerika, Antony Blinken, yarabonanye na Prezida w’Ubutegetsi bw’Abanyapalestina, Mahmoud Abbas mu gisagara ca Ramallah. Baganiye ivyerekeye gufata ingingo zihutirwa zo gukomeza umutekano n’ubwigenge kurushiriza ku Banyapalestina baba mu ntara ya Cisjordaniya. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG