Uko wahagera

Hemejwe Ikigega Co Gutabara Ibihugu Bihura n'Ingaruka ry'Ihindagurika ry'Ibihe


COP28 ibera mu gisagara ca Dubai
COP28 ibera mu gisagara ca Dubai

Inama igira iya 28 y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw'ihindagurika ry'ibihe, kuri uyu wa kane, yatanguye ibikorwa vyayo, mu gisagara ca Dubai, muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu.

Umusi wa mbere w’iryo koraniro waranzwe n’iyemezwa icese ry’amasezerano yari amaze igihe kirekire yitezwe yo gushiraho ikigega c’amafranga agenewe gushimikira ku vyerekeye gutabara no gufasha ibihugu bikenye bisinzikajwe n’ihindagurika rikomeye ry’ikirere.

Ayo masezerano azoba yerekeye gushiraho ikigega gihagarikiwe n’ibanki y’isi yose mu ntango. Kizotanga amafranga azoba agenewe ibihugu biri mu nzira y’amajambere.

Amafranga yo muri ico kigega azotangwa n’ibihugu biteye imbere n’ibiriko biratera imbere, hamwe n’ibihugu vyimbura amasoko ntanganguvu afise ingaruka mbi kw’ihindagurika ry’ibihe.

Birimo nk’Ubushinwa, ibihugu vyo mu kigobe c’Abarabu na Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu zakiye ikoraniro mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe.

Bamwe mu bari baharaniye itangwa ry’amafranga agenewe gutabara no gufasha ibihugu bikenye bisinzikaye kubera ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe batangaje ko amafranga yemejwe kuri uyu wa kane arimwo amahinyu.

Rachel Cleetus wo mw’ishirahamwe ry’abahinga bafise amakenga cane ku ngaruka z’ihindagurika ry’ibihe yatangaje ko urugamba rwo kurwanya ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe rubandanya. Yamara yatangaje ko ibihugu bitunze bikeneye gutangura gusohora amafranga nk’uko akenewe.

Yizeye ko gushira mu bikorwa ayo masezerano biza kuba uyu musi.

Vyitezwe ko ibihugu bitunze, mu misi mikeyi iri imbere, bitangaza imiliyoni amajana n’amajana y’amadolari agenewe gutabara no gufasha ibihugu bikenye bisinzikajwe n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.

Forum

XS
SM
MD
LG