Uko wahagera

Ukraine mu Kizime n'Ubwoba bw'Ibitero Uburusiya Bushobora Kugaba


Umunyagihugu wo muri Ukraine yifashisha ibuji mu kumurika
Umunyagihugu wo muri Ukraine yifashisha ibuji mu kumurika

Uburyo bwo gutanga umuyagankuba muri Ukraine, kuri uyu wa mbere, bwageramiwe n'urubura rukomeye rwatewe n'ubukanye rwatumye umuyagankuba ucika mu bisagara n'imihana birenga ibiihumbi bibiri.

Ni mu gihe hari impungenge ku bitero Uburusiya bushobora gukora mu gihe cimirije c'ubukanye muri Ukraine. Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati muri Ukraine bwatangaje ko umuyagankuba wacitse mu ntara 16 zitandukanye bitewe n’urubura rwinshi rwatewe n’ubukanye bukomeye mu gihugu.

Ibice vyo hagati no mu bumanuko bw’igihugu ni vyo vyageramiwe kurusha ibindi. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yakoresheje igice c’ijambo yashikirije mw’ijoro ryo ku musi w’Imana urangiye kugira ashimire abariko bakora kugira umuyagankuba ugaruke mu bice wacitsemwo.

Prezida Zelensky agira ati: Abahinga bacu mu bijanye n’umuyagankuba bazogarukana umuyagankuba mu buryo bwihuta bushoboka mu bisagara vyose n’imihana bitawufise muri iki gihe kubera ikirere kibi."

Gushika ubu, ibice bigera ku 400 mu ntara cumi zigize igihugu bitagira umuyagankuba. Abajejwe bikorwa vyihutirwa barungitswe mu bice vyabuze umuyagankuba. Muri iki gihe bariko bakorera mu ntara za Odesa, Mykolaiv, Kirovohrad, Cherkasy na Kiev. Imodoka zidasanzwe zarungitswe mu mabarabara aho zikenewe.

Inteko z’Uburusiya zarakoze ibitero incuro zitari nke mu bibanza bitanga umuyagankuba mu gihe c’ubukanye gihitiye. Vyatumye umuyagankuba ucika mu bice bitari bike vy’igihugu. Vyatumye kandi Ukraine yarihutira gusanura ivyo bibanza kugira umuyagankuba ugaruke. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG