Amabarabara ku murwa mukuru wa Sierra Leone, Freetown, yasa n'ayagaragara mu gitondo co kuri uyu wa mbere. Ivyo naho reta yari yakuyeho umukwabu yari yashizeho kubera igitero cakozwe ku makambi y'igisirikare.
Reta ya Sierra Leone yatangaje ko inteko zijejwe umutekano zatujije abasirikare bari bagumutse bagerageje kwinjira mu kibanza c’igisirikare kibikwamwo inkoho n’insoro ku murwa mukuru, Freetown mu masaha ya kare yo ku musi w’Imana.
Abantu batamenyekanye kandi barakoze igitero ku biro vy’igipolisi bararekura abanyororo mw’ibohero rikuru ku murwa mukuru ku musi w’Imana.
Harabaye icuka kibi muri Sierra Leone, kuva Prezida, Julius Maada Bio asubiye gutorwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa gatandatu kurangiye.
Umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta yariyamirije ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu. Ibihugu bikorana na Sierra Leone, birimwo Reta Zunze Ubumwe z'Amerika n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya vyarerekanye amazinda ku vyavuyye mu matora.
Mw’ijambo yashikirije igihugu ku musi w’Imana, Prezida Julius Maada Bio yasavye abayobozi b’abanyapolitike, abashingantahe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za politike gukora ibishoboka kugira babungabunge amahoro mu gihugu. Yavuze ko benshi mu bayoboye igitero cakozwe ku makambi y’igisirikare bahagaritswe, kandi ko itohoza ririko riraba.
Itangazo rya reta ryasavye abanyagihugu gusubira ku mirimo yabo isanzwe guhera kuri uyu wa mbere. (REUTERS)
Forum