Uko wahagera

Isirayeri Yemeza ko Yasambuye Misile Irasa Kure


Igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa kane, catangaje ko casambuye misile iraswa kure yariko itera igana ubumanuko bw'igihugu.

Inyuma y’amakuru yavuga ko misile iraswa kure yariko yegereza igisagara ca Eilat, kiri mu bumanuko ku nkengera z’ikiyga gitukura, yasambuwe n’indege y’ingwano ya Isirayeri. Igisirikare ca Isirayeri camenyesheje ko iyo misile itashoboye kwinjira ku butaka bw’igihugu.

Aba Houthi barwanya ubutegetsi muri Yemen, bashigikiwe na Irani baragerageje imbere y’aho gukora ibitero vya misile mu gisagara ca Eilat. Baratangaje ko bari mu runani rwo kwivuna Isirayeri rushigikiwe na Irani. Umutegetsi mukuru wabo yavuze ko bazobandanya ibitero kuri Isirayeri.

Ku musi w’Imana urangiye, abarwanya ubutegetsi b’aba Houthi baratangaje ko bafashe ubwato butwara imizigo mu kiyaga gitukura, mu ntumbero yo kwihora ku bitero Isirayeri iriko ikora mu ntara ya Gaza.

Imirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiwe na Irani, ikorera mu karere ko mu buseruko bw’isi, yarifatanije n’umurwi Hamas mu ngwano urimwo na Isirayeri. Israyeri yayisubirije mu nkoko, mu gukora ibitero vy’indege z’ingwano n’abasirikare barwanira ku butaka. Ivyo bitero vyarasambuye ibice bitari bike mu ntara ya Gaza, bihitana ubuzima bw’abantu barenga 14.000, nk’uko bitangazwa na reta iyobowe na Hamas. (Daily Mail)

Forum

XS
SM
MD
LG