Uko wahagera

Afurika y'Epfo Yoba Igiye Guhagarika Imigenderanire na Isirayeri?


Itora ryabaye mu nama nshingamateka ya Afrika y’epfo ryo guhagarika imigenderanire na Israyeli ryaneguwe cane n’umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta.

Mu nama y’abashingamateka itari yoroshe ejo ku musi wa kabiri, abahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi African National Congeress (ANC) usanzwe ushigikiye Palestine, bashikirije amajwi ku ngingo yo guhagarika imigenderanire na Israyeli.

Benshi muri abo bashingamatela bari bambaye udutambara twibendera rya Palestiniya, bongera batangura kuririmba inyuma y’itora ry’iyo ngingo. Iyo ngingo yateguwe n’umurwi uzwi kw’izina Economic Freedom Fighters - EFF

Iryo tora si itegeko ryaciye rija mu ngiro: Reta ya Afrika y’epfo ni yo izofata iyo ngingo ibanje kwihweza ivyavuye muri iryo tora. Umuvugizi wa Prezida Cyril Ramaphosa, Vincent Magwenya yasomye itangazo rigira riti: ““Umukuru w’igihugu yafashe nka nkama intumbero y’inama nshingamateka ku bijanye n’iimigenderanire na Israyeli, cane cane ku bijanye n’ibiro vy’ubuserukizi bwa Israyeli muri Afrika y’Epfo. Umukuru w’igihugu n’ibiro vyiwe bariko barakwirikiranira hafi ico kibazo gisanzwe cega ibiro vyiwe.”

Umusi iryo tora ryabaye, Prezida Ramaphosa yariko arayobora inama n’ibihugu bifitaniye amassezerano y’ubutunzi kw’isi mu mugwi wa BRICS ku mbuga ngurukanabumenyi. Ivyo bihugu bigizwe na Brazil, Uburusiya, Ubuhindi, Ubushinwa na Afrika y’epfo, vyariko biganira ku kibazo kiri mu bihugu vy’Abarabu, aho abategetsi bo muri ako karere batanganza ko abantu bashika ku bihumbi cumi na kimwe bamaze kwicwa n’ibitero bikorra na Israyeli.

Muri iyo nama ya BRICS, umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping yasiguye ko ibiriko birakorwa na Israyeli ari “ igihano kiriko gikorwa ikivunga, ku bantu bo mu karere ka Gaza, Ramaphosa yongeyeko agira ati: Ukwo kwima imiti, ibitoro, ibifungurwa, n’amazi abantu bo mu karere ka Gaza, ni genoside y’akataraboneka.

Forum

XS
SM
MD
LG