Uko wahagera

Amakungu Yakiriye Neza Agahengwe Hagati ya Hamas na Isirayeri


Abategetsi b'ibihugu vyo kw'isi, kuri uyu wa gatatu, bakiriye neza amasezerano yerekeye agahengwe hagati ya Israel na Hamas. Ayo masezerano ategekanya imisi ine y'ihagarikwa ry'ingwano yasinzikaje bikomeye intara ya Gaza.

Arategekanya kandi irekurwa ry'abanyurujwe n'abarwanyi b'umurwi Hamas hamwe n'irekurwa ry'abanyororo b'Abanyapalestina bapfungiwe muri Israyeri.

Prezida Biden yashimiye abategetsi b’ibihugu vya Misiri na Katari ku butwari berekanye mu gushika ku masezerano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas. Yahayagije kandi Isirayeri kuba yemeye kwongereza ikiringo c’agahengwe mu ngwano iriko ibera mu ntara ya Gaza, hamwe no kurekurira imfashanyo gutangwa muri iyo ntara.

Prezida wa Misiri, Abdel Fattah al-Sisi, kuri uyu wa gatatu, yahayagije igikorwa c’abafashije kugira amasezerano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas ashikweko. Yakiye neza kandi igikorwa gitegekanijwe co gukaba abanyurujwe n’umurwi Hamas n’abanyororo bari mu mabohero ya Isirayeri.

Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, yarakiye neza ayo masezerano. Yatangaje ko ariko akora uko ashobora kwose kugira abagizwe imbohe bose n’umurwi Hamas barekurwe.

Umuyobozi mukuru w’iumuryango w’ubumwe bw’Uburaya, Ursula von der Leyen, kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko yizeye ko agahengwe mu ntambara hagati ya Isirayeri na Hamas kazorekurira izindi mfashanyo gushikanwa mu ntara ya Gaza. Yavuze ko yategetse urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya, kwongereza igikorwa co gutanga imfashanyo muri Gaza.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubudagi, Annalena Baerbock, kuri uyu wa gatatu, yahayagije amasezerano yashitsweko hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas. Yavuze ko ari intambwe ikomeye cane. Yasavye ko imfashanyo zikenewe cane zirungikwa mu ntara ya Gaza.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubwongereza, David Cameron yavuze ko ayo masezerano ari intambwe ikomeye cane, akaba yasavye impande zompi kuyubahiriza neza.

Uburusiya nabwo nyene bwakiye neza agahengwe kashitsweko hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, mu gihe Ubushinwa, bumaze igihe kirekire bushigikiye ivyipfuzo vy’Abanyapalestina, nabwo nyene bwakiye neza amakuru yerekeye amasezerano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas.

Ayo masezerano yashitsweko inyuma ibiganiro bikomeye kuva umurwi Hamas ukoze ibitero vyihaye inkumbi ku butaka bwa Isirayeri kw’itariki 7 y’ukwezi kw’icumi.

Reta ya Isirayeri n’umurwi Hamas vyumvikanye ku gahengwe k’imisi ine kugira birekurire irekurwa ry’abanya-Israyeri 50 bagizwe imbohe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza mu gihe Israyeri izorekura Abanyapalestina 150 bapfungiwe muri Isirayeri. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG