Imodoka yariko igenda n'umuvuduko munini yiroshe mu bantu bashigikiye Prezida mushasha yatowe muri Liberiya, Joseph Boakai, bari mu birori vyo gihimbaza intsinzi yiwe.
Abantu batari musi ya babiri barahasize ubuzima mu gihe abandi batari musi ya 18 bakomeretse. Abategetsi batangaje iyo nkuru kuri uyu wa kabiri.
Igipolisi carahagaritse uwikekwa muri iryo sanganya ryabaye mw’ijoro ryo ku musi wa mbere. Yamara ntikiratanga izina ryiwe mu gihe itohoza ririko riraba.
Iryo sanganya ryabaye masaha makeyi inyuma y’uko abategetsi bajejwe amatora batangaje icese ko Boakai ari we yatsinze incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kurangiye muri Liberiya.
Hisunzwe ivyatangajwe n’urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora, Boakai yatsinze n’amajwi 50.64 kw’ijana vy’amajei mu ncuro ya kabiri y’amatora. Mu gihe uwo bahiganwa, Prezida George Weah yaronse amajwi 49.36 kw’ijana vy’amajwi.
Weah yaza yaremeye ko yatsinzwe mu matora imisi itari mike imbere yaho bifatiye ku vya mbere vyari vyavuye mu matora vyari vyashizwe ahabona. Yasavye abamushigikiye kwubahiriza ivyavuye mu matora.
Forum