Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa Bumvikanye ku Guhanahana Amakuru mu Vya Gisirikare


Perezida Biden w'Amerika na Xi Jinping w'Ubushinwa
Perezida Biden w'Amerika na Xi Jinping w'Ubushinwa

Prezida Biden yatangaje ko we na Prezida Xi Jinping gukorera hamwe kugira bihweze ibibazo bishobora guterwa n’ubwenge budasanzwe butangwa n’ivyuma nyabwonko hamwe no gufata ingingo ziboneka mu rugamba rwo kurwanya ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa “fentanyl.”

Inama hagati y’abo bategetsi uko ari babiri, ibaye inyuma y’amezi 12 y’ibiganiro bitari vyoroshe hagati y’Ubushinwa na Amerika. Mu nama yo ku musi wa gatatu, abo bategetsi bompi baraganiye ku bibazo bikomeye bitari bike, harimwo ikibazo ca Tayiwani, umugambi wogusubira guhanahana amakuru mu vya gisirikare, n’ibijanye n’ubutunzi, ibikoreshwa mu guhingura ikiyaruramutwe co mu bwoko bwa fentanyl bituruka mu Bushsinwa n’ibibazo vyerekeye agateka ka muntu muri ico gihugu.

Prezida Biden yatangaje ko yashikirije atarya umunwa ivyo bibazo bitoroshe na gato. Prezida Xi Jinping nawe yatangaje ko ivyo bihugu bihuriye kuri vyinshi.

Prezida Xi Jinping agira ati: “Ubushinwa na Amerika, ibihugu 2 bikomeye cane kurisha ibindi kw’isi, ntibikwiriye kwinubana. Uruhande rumwe ntirukwiririye kugeregeza guhindura urundi. Intambara hamwe no guhangana vyogira ingaruka zitagira uko zivurwa ku mpande zompi”

Prezida Biden, yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, inyuma y’uko abonanye na Prezida Xi Jinping.

Prezida Biden agira ati: “Nakiye neza intambwe twashitseko uyu musi. Birakenewe cane ko amakungu abona ko turiko dushira mu bikorwa imigambi iranga igihugu cacu ijanye no kuganira. Turiko turaganira n’abo duhiganwa, tuvugana ukuri, mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro n’umutekano umutekano mu makungu no ku nyungu y’abanyagihugu bo muri Amerika”

Benshi mu bakwirikiranye inama hagati ya Prezida Joe Biden na Prezida Xi Jinping batangaje ko ata vyinshi bari biteze biyivamwo. Yamara barashimishijwe n’uko abo bategetsi bompi bariko baravugana. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG