Uko wahagera

Somaliya: Imvura Yatesheje Izabo Abarenaga 113,000


Imyuzure muri Somaliya
Imyuzure muri Somaliya

Imyuzure yatewe n'imvura y'isegenya mu bice vyo muri Somaliya uyatumye abantu barenga 113,000 bata ingo zabo. Ibiro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe ibikorwa vyo gutabara vyatangaje iyo nkuru, kuri uyu wa mbere.

Abantu barenga 706.100 barasinzikajwe n’imyuzure mu kiringo gitoyi, mu gihe abarenga 113.690 bavuye mu ngo zabo mu bice bitandukanye vy’igihugu. Intara za Southwest na Jubbaland ni zo zasinzikaye kurushiriza. Mu bice vya Luuk na Gedo, abantu 2.400 barageramiwe n’imyuzure. Utwigoro two kubatabara turiko turabandanya.

Iyo mvura y’isegenya ibaye umwaka umwe inyuma y’uko Somaliya igeramiwe n’ingaruka z’uruzuba rutari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka 40. Ubwicanyi n’uruhagarara n’iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa vyatewe n’ingwano muri Ukraine, vyarahitanye abantu bagera ku 43.000 nk’uko ishirahamwe ONU ribitangaza.

Imvura yo muri iki gihe yabaye nyinshi cane mu bice vya Puntland, Galmudug, South West, Hirshabelle, hamwe no mu bice biri ku nkengera z’uruzi Juba mu ntara ya Jubbaland.

Ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe ibikorwa vyo gutabara bivuga ko iyo mvura y’isegenya yatewe n’ubushuhe budasanzwe mu mazi yo mu bice vyo hagati no mu buseruko bw’ibahari Pasifike.

Ivyo vyatumye haba ihinduka ry’ikirere mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Mu ntango z’uyu mwaka, imyuzure yaravanye mu vyabo abantu 250.000. Hari inyuma y’uko uruzi Shabelle hagati muri Somaliya rurengeye inkombe zarwo, rutera imyuzure mu gisagara ca Beledweyne.

Forum

XS
SM
MD
LG