Umwami w'Ubwongereza, Charles III ari mu gihugu ca Kenya mu rugendo rwiwe rwa mbere muri ico gihugu kiri mw'ishirahamwe Commonwealth rigizwe n'ibihugu bivuga ururimi rw'icongereza.
Umwami Charles III n’umutambukanyi wiwe, Umwamikazi Camilla bashitse ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, mw’ijoro ryo ku musi wa mbere. Bakiriwe kuri uyu wa kabiri na prezida wa Kenya, William Ruto mu ngoro iwe.
Ambasade y’Ubwongereza muri Kenya yatangaje ko umwami Charles III azobonana n’abasekombata kugira abashimire ku ruhara bagize mu gufasha Ubwongereza mu ngwano z’isi yose uko ari zibiri zabaye. Ibiro vy’Umwami Charles III vyatangaje ko azokwemera ibihe bibi vyaranzwe n’intwaro ya gikoloni y’igihugu ciwe.
Umwami Charles III n’umutambukanyi wiwe, umwamikazi Camilla bagendeye imva y’umurwanyi yaguye ku rugamba, atamenyekanye mu kibanza citiriwe Uhuru. Iri ni ijambo ry’igiswahili rivuga “ubwigenge”.
Umwami Charles III na Prezida wa Kenya, William Ruto bashize urugori rw’amashurwe kuri iyo ntatemwa, imbere y’uko baja mu kibanza kiranga intsinzi y’ukwikukira kwa Kenya mu mwaka w’i 1963.
Urugendo rw’Umwami Charles III n’Umwamikazi Camilla rubaye mu gihe Kenya iriko ihimbaza imyaka 60 irangiye, ishikiye intahe yo kwikukira. Kenya n’Ubwongereza birafitaniye imigeraniranire myiza. Yamara rimwe na rimwe iyo migenderanire yarabayemwo ibibazo kubera urugamba Kenya yamazemwo igihe kirekire rwo kwikurako intwaro ya gikoloni y’Ubwongereza. Abanyakenya ibihumbi n’ibihumbi barasize ubuzima muri urwo rugamba. (AP)
Forum