Uko wahagera

Rwasa Ntazogirana Ibiganiro n'Abatangaje ko Bamukuye ku Burongozi bwa CNL

Agathon Rwasa umunyapolitike utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi
Agathon Rwasa umunyapolitike utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi

Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi akaba n'umukuru w'umugambwe CNL Agathon Rwasa yemeza ko atarota yicarana n'akagwi k'abantu 10 bari muri biro poritike y'uwo mugambwe baherutse gutangaza ko bamukuye ku burongozi bwa CNL.

Mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry'Amerika yavuze ko ata mugambi wo gushinga uwundi mugambwe igihe amatora ya 2025 y'abakenguzamateka n'abashingamateka yogera umugambwe utarasubira kwemererwa gukora.

Asaba ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati kumureka we n'abandi banyamugambwe bagatumako ikoraniro kaminuza, akamenyesha ko ari ryo ryonyene rishobora gutorera umuti indyane z'umugambwe wiwe.

Umviriza ngaha ikiganiro yagiranye n'umumenyeshamakur Eloge-Willy Kaneza

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:59 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG