Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko umugambi wo kurwanya ihona ry'amashamba witiriwe “Ewe Burundi Urambaye” ugifite vyinshi vyo gukora.
Kubw'iwe biratangaje kubona uwo mugambi watangujwe muri 2018 akaba ata n'ikibira kimwe kiboneka cawuvuyemwo.
Prezida Ndayishimiye atwara umurwi w'abakuru b'ibihugu wo gukingira amashamba muri Afrika yo hagati yahora mu nama yabo i Brazaville muri Kongo.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabishikirie kuri uyu w’Imana mw’ijoro. Ni mu gihe yari aganutse ava mu nama y’abakuru b’ibihugu bifise amashamba cimeza n’inzuzi.
Umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza abidushikiriza ido n'ido muri ino nkuru.
Forum