Uko wahagera

Uburusiya Bwoba Bwica Inteko Zabwo Zidakurikiza Amabwiriza y'Ingwano: Kirby


Umuvugizi wa Prezidansi y'Amerika John Kirby
Umuvugizi wa Prezidansi y'Amerika John Kirby

Ibiro vya Prezida wa Amerika ku musi wa kane, vyatangaje ko igisirikare c'Uburusiya kiriko cica inteko zaco zidakwirikiza amabwirizwa ajanye n'ingwano muri Ukraine. Ivyo biro bitangaza ko vyerekana ko inteko z'Uburusiya zitishimye na gato.

John Kirby, umuvugizi mu biro vya Prezida, Maison Blanche, ku bibazo bijanye n’umutekano w’igihugu, yabwiye abamenyeshamakuru, ko bafise amakuru ko igisirikare c’Uburusiya cishe inteko zaco zanse gukwirikiza amabwirizwa.

Kirby yavuze ko bafise kandi amakuru ko abasirikare bakuru b’Uburusiya bariko bagabisha kwica abasirikare batari bake hamwe bohunga ibitero vya za muzinga vya Ukraine.

Kirby yatangaje ko iyo ari inyifato y’ubunyamaswa. Ambasade y’Uburusiya i Washington ntiyishuye buno nyene ubutumwa bwa imeyeri Ijwi rya Amerika ryayandikiye riyisaba kugira ico ivuze kuri ivyo birego.

Inteko za Ukraine n’iz’Uburusiya ziriko zirwanira igisagara ca Avdiivka, kiri mu ntara ya Donetsk, kuva hagati muri uku kwezi kw’icumi.

Abategetsi ba Ukraine batangaje ko ico gisagara cacitse ubunyenywe kubera ibitero vy’amabombe Uburusiya bwahakoreye. Yamara mu bihe vya vuba, inteko z’Uburusiya zaranse gutera ibirindiro vy’inteko za Ukraine kubera zatakaje abasirikare benshi cane.

Umuvugizi w’igisirikare ca Ukraine ni we yatangaje iyo nkuru. Yongeye avuga ko zimwe mu nteko z’Uburusiya zari zagumutse. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG