Umurepuburikani, Mike Johnson, kuri uyu wa gatatu, yaratowe kuba umuyobozi mushasha w'Inama nshingamateka y’Amerika. Vyarangije indwi zitatu z'akajagari n'ugucanamwo hagati y'abashingamateka bahurikiye mu mugambwe w’Abarepublika muri Kongre y’Amerika
Mike Johnson, umushingamateka w’Umurepuburikani wo muri Reta ya Louisiana yatsinze n’amajwi 220 mu nama nshingamateka. Ni we agira kane agenywe muri ayo mabanga kuva Kevin McCarthy ayakuwemwo kw’itariki 3 y’uku kwezi kw’icumi. Tom Emmer, umushingamateka w’Umurepuburikani wo muri Reta ya Minnesota yari yagenywe imbere y’aho, ku musi wa kabiri, yaravuye giturumbuka mw’ihiganwa, amasaha ane gusa inyuma y’uko agenywe.
Intsinzi ya Mike Johnson mu rugamba rutari rworoshe rwo kuba umukuru w’Inama nshingamateka, ni iy’umurwi w’abashingamateka bo mu muganbwe w’Abarepuburikani batsimbataye ku vyiyumviro n’imigenzo vya kera, abafise ivyumviro biri hagati na hagati muri uyo mugambwe, bakaba bahahombeye. Abafise ivyiyumviro biri hagati, baragize ibibazo vyo gushigikirwa n’abatsimbataye ku vyiyumviro n’imigenzo vya kera muri Kongre y’Amerika.
Mike Johnson, afise imyaka 51, ni umuntu atsimbataye cane ku vyiyumviro n’imigenzo ya kera. Aracuditse kandi cane na Donald Trump, yahoze ari prezida w’Amerika. Yararahiye mu mabanga yiwe kuri uyu wa gatatu nyene. (REUTERS)
Forum