Abasekombata b'aba Mau Mau muri Kenya bariko barondera ko Ubwongereza busaba imbabazi, bugatanga n'indishi y'akababaro ku mabi bakorewe n'ico gihugu mu gihe ca gikoloni. Ni imbere y'urugendo umwami Charles III azogira muri Kenya mu ndwi iza.
Mu ntango yo mu myaka y’i 1950, abarwanyi b’aba Mau Mau bararwanije Ubwongereza mu kiringo kiri hafi y’imyaka umunani. Biyamiriza abakoloni bafashe ibice nka vyose vy’ibimera muri Kenya mu ntumbero yo kubikoreramwo uburimyi. Umwami Charles III n’umutambukanyi wiwe, umwamikazi Camilla bazokwemera ububabare bwatewe n’intwaro y’igikoloni y’Ubwongereza mu rugendo rw’imisi ine bazogira mu gihugu ca Kenya kuva kw’italiki 31 y’ukwezi kw’icumi.
Ikirimba c’umwami Charles III catangaje ko, muri urwo rugendo, azofata umwanya wo gukomeza ivyerekeye kwumva amabi yakorewe Abanyakenya mu kiringo c’intwaro ya gikoloni y’Ubwongereza. Mu mwaka w’i 2013, Ubwongereza
bwaremeye gushumbusha Abanyakenya barenga 5.000 bakorewe amabi igihe bagumuka mu ntumbero yo kurwanya akarenganyo barirko barakorerwa. Bahawe indishi y’akababaro igera ku miliyoni 24 y’amadolari.
Itororokanirizo ry’amakuru ryro mu Bufransa, AFP, ryatangaje ko abantu barenga 10.000 bapfuye mu mugumuko w’aba Mau Mau. Yamara abakwirikirana amateka bavuga ko igitigiri c’ukuri c’abapfuye kirenga ngaho. (AFP)
Forum