Uko wahagera

Kenya Yahagaritse Umugambi wo Kurungika Abasirikare muri Hayiti


Ingabo za Kenya
Ingabo za Kenya

Sentare muri Kenya yahagaritse yigije inyuma ingingo yo kurungika abasirikare b’igihugu ca Kenya muri Haiti, mu bikorwa vyo gutuza imigwi y’abagizi ba nabi.
Ivyo bibaye inyuma y’aho umwe mu bitoje mu matora y’umukuru w’igihugu Ekuru Aukot, atanze ikirego muri sentare nkuru ya Kenya.

Ico kirega ni co catumye ingingo ya reta yo kurungika abo basirikare muri Haiti, iba irahagaritswe. Kuri uno musi wa kabiri sentare nkuru yatangaje ko izofata ingingo kuri ivyo birego kw’itariki 9 z’ukwezi kwa cumi na rimwe uyu mwaka.

Ekuru Aukot avuga ko itegeko riha uburenganzira umukuru w’igihugu bwo kurungika inteko z’igihugu mu kindi gihugu, riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.
Ico kirego ca Aukot muri sentare cagiriza Prezida William Ruto kuba agira arungike inteko kugarura umutekano mu makungu kandi igihugu ciwe gihanzwe n’ibibazo vy’umutekano.

Ni mu gihe hamaze igihe hibonekeza ibitero vy’imigwi yitwaje ibigwanisho muri Kenya hamwe n’itana mu mitwe hagati y’amoko atandukanye. Ingingo ya ONU yahaye uburenganzira Kenya bwo kurungika inteko zayo kugarukana umutekano muri Haiti, yateguwe na Reta Zunze ubumwe za Amerika hamwe na Ekwateri.

Iyo ngingo iha Kenya uburenganzira bwo gukorera muri ico gihugu mu kiringo c’umwaka umwe, ibikorwa vy’izo nteko bikazosuzumwa inyuma y’amezi icenda. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG