Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron, kuri uyu wa kabiri yagendeye igihugu ca Israyeri. Ajanye ubutumwa bwo kwifatanya na Israyeri inyuma y'ibitero vyihaye inkumbi, umurwi Hamas wakoze ku butaka bwayo. Ajanywe kandio no gusaba ko abasivile bakingirwa mu ntara ya Gaza.
Macron yabwiye Prezida wa Israyeri, Isaac Herzog, ko ivyabaye bitazopfa vyibagiwe. Yavuze kandi ko igikwiye gushimikirwako kurusha ibindi muri iki gihe kwoba kurekura abagizwe imbohe bose bari mu minwe y’umurwi Hamas.
Prezida Macron yahumurije Prezida Herzog ko Abanyisrayeri batari bonyene mu rugamba rwo kurwanya iterabwoba. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru inyuma yaho ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, Prezida Macron yavuze ko abagize urunani rw’amakungu, bariko bakora kugira batsinde reta ya kiyislamu muri Iraki na Siriya, hamwe n’umurwi bazorwanya Hamas.
Prezida wa Isirayeri, Isaac Herzog, yatangaje ko batariko barondera ingwano ku rubibe mu buraruko bw’igihugu ciwe canke ahandi ahari ho hose. Yasiguye ko bashimikiye ku mugambi wo kuzimanganya umurwi Hamas no kubohoza no gutahana Abanyaisrayeri banyurujwe n’umurwi Hamas.
Kuri uyu wa kabiri kandi, igisirikare ca Isirayeri catangaje ko cabandanije gukora ibitero vy’indege z’ingwano mu ntara ya Gaza, harimwo ibice umurwi Hamas ukoreramwo. Camenyesheje ko abayobozi bakuru mu vya gisirikare b’umurwi Hamas batari bake bishwe. (VOANEWS)
Forum