Uko wahagera

Uburusiya Bwiyamiriza Amerika Ishigikiye Ukraine na Isirayeri


Abategetsi b'Uburisya, kuri uyu wa gatanu biyamirije ijambo Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yashikirije mw'ijoro ryo ku musi wa kane, aho yagereranije Uburusiya n'umurwi Hamas.

Yongeye yita Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, umutegetsi agendera ku ntwaro y'agacinyizo.Umuvuzi w’ibiro vya Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko badashobora kwihanganira amajambo nk’ayo Prezida Biden yakoresheje ku vyerekeye igihugu ciwe, na Prezida Putin.

Peskov yavuze ko abakuru b’ibihugu badakwiye gukoresha amajambo nk’ayo. Yongeye avuga ko utwigoro twose Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zikora mu ntumbero yo gukumira Uburusiya tuzoba impfagusa.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, mw’ijambo yashikirije Abanyamerika ari mu biro vyiwe, Maison Blance mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kane, yaratangaje ko Amerika itegerezwa kwifatanya na Isirayeri na Ukraine mu gihe Ukraine ihaganye n’Uburusiya, Israyeri nayo iriko itana mu mitwe n’umurwi Hamas.

Prezida Biden yavuze ko Uburusiya buriko burondera kuzimanganya Ukraine, igihugu kigendera kuri demokrasi, mu gihe umurwi Hamas uriko ugerageza kubigenza nk’uko kuri Isirayeri. Prezida Biden yatangaje ko batazorekurira abagira iterabwoba nka Hamas, n’abatwaza agahotoro nka Putin gutsinda. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG