Israyeri yabandanije ibitero vyayo vy'indege z'ingwano mu ntara ya Gaza, mw'ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatanu. Ni mu gihe Israyeri ishobora kurungika inteko zirwanira ku butaka mu ntara ya Gaza, umwanya uwariwo wose.
Inteko za Israyeri, mu butumwa ku rubuga X, rwahoze rwitwa Twitter, zatangaje ko mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatanu, indege z’ingwano zayo zakoze ibitero mu bibanza birenga ijana vy’ivyo zise imirwi y’abakora iterabwoba mu ntara ya Gaza.
Zavuze ko ivyo bitero vyasambuye amayira yo musi y’ubutaka, ibigangara bibikwamwo ibirwanisho n’insoro, hamwe n’ibibanza bitari bike iyo mirwi itangiramwo amategeko.
Ku musi wa kane, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Isirayeri, Yoav Gallant yatangaje ko inteko zirwanira ku butaka ibihumbi amajana n’amajana z’igihugu ciwe ziteguriye kwinjira mu ntara ya Gaza.
Gallant yarabonanye n’inteko zirwanira ku butaka ziri ku rubibe n’intara ya Gaza. Yazibwiye ko zokwitegura. Yamara ntiyatangaje igihe itegeko ryo gutera intara ya Gaza rizotangwa. Yatangaje ko muri iki gihe babona Gaza bari kure; ko yamara vuba cane bazoyibona bari ku butaka bwayo.
Muri ico gihe, Isirayeri iriko itegekanya gukura abanyagihugu bayo mu gisagara ca Kiryat Shmona. Abategetsi ba Isirayeri, kuri uyu wa gatanu, bavuze ko ababa muri ico gisagara bazoshirwa mu mazu arihwa na reta.
Igisagara ca Kiryat Shmona, kiri mu buraruko bw’igihugu hafi y’urubibe na Libani. Ico gisagara carageramiwe n’ibitero bitari bike vy’amarokete na misile bikorwa n’imirwi y’abarwanyi b’Abanyapalestina. (VOANEWS)
Forum