Uko wahagera

Umurwi wa Hamas Uvuga ko Isirayeri Yishe Indongozi zawo mu vya Gisirikare


Bamwe mu bagize umurwi wa Hamas
Bamwe mu bagize umurwi wa Hamas

Umurwi Hamas, kuri uyu wa kabiri, watangaje ko umwe mu bayobozi bakomeye bawo mu vya gisirikare yishwe mu gitero c'indege y'ingwano ya Isirayeri mu ntara ya Gaza.

Mw’itangazo umurwi Hamas wasohoye, watangaje ko Ayman Nofal, “Abu Ahmad”, umunywanyi w’inama nkuru ya gisirikare, akongera akaba umusirikare mukuru ayoboye ishami rya gisirikare ryawo, AL-Qassam Brigades, yiciwe mu gice kiri hagati mu ntara ya Gaza.

Igisirikare ca Isirayeri nticemeje buno nyene iyicwa ryiwe, igihe itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, ryagihamagara kugira kigire ico kivuze ku vyo Hamas yatangaje.

Isirayeri yarakoze ibitero vy’amabombe mu ntara ya Gaza iyobowe n’umurwi Hamas. Hari mu gikorwa co gusubiriza mu ndumane abarwanyi b’uwo murwi ku bitero bakoze kw’italiki 7 y’uku kwezi kw’icumi ku butaka bwa Isirayeri.

Ni vyo bitero vyihaye inkumbi kurusha ibindi mu mateka y’igihugu ca Isirayeri. Abategetsi ku mpande zose batangaje ko abantu barenga 1.400 bishwe muri Israyeri, abandi barenga 2.700 barahasiga ubuzima mu ntara ya Gaza.

Isirayeri yarakuye benshi mu banyagihugu bayo baba ku rubibe ihana na Gaza mu gihe ingwano hagati yayo n’umurwi Hamas ibandanya. Ni mu gihe bitashobokeye Abanyapalestina imiliyoni 2 n’ibihumbi 400 baba mu ntara ya Gaza kuva muri iyo ntara ya Palesitina. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG