Uko wahagera

Polisi y'Ububirigi Yishe Uwakoze Igitero c'Iterabwoba


Nyuma y'ico gitero cabaye ku musi wa kabiri
Nyuma y'ico gitero cabaye ku musi wa kabiri

Umuntu yikekwa ko ari mu murwi w’iterabwoba yishe abantu mu Bubirigi yishwe, arashwe n’igipolisi c’ico gihugu kuri uno musi wa kabiri. Igipolisi catangaje ko uwo mugizi w’iterabwoba yafatiwe mu gace k’ico gisagara ca Schaerbeek.

Amasanamu yari yashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi yerekanye umuntu yambaye ikoti risa n’iritukura, ari ku gakinga bita “scooter”, yariko agendesha mw’ibarabara ririmwo abantu benshi afise inkoho, aca atangura kurasa. Uwo mugizi wa nabi yabandanije ahiga abandi bantu mu nyubakwa yari hafi y’aho, arabarasa, aca arahunga.

Mu baguye muri ico gitero harimwo Abanyasuwede babiri, uwundi umwe arakomereka bikomeye.

Uwo akekwa kugandagura abo bantu ni umugabo afise imyaka 45, aturuka muri Tuniziya. Ni na we yemeye icese ku mbuga ngurukanabumenyi ko yakoze ico gitero. Yanditse avuga ko ivyiyumviro vy’ico caha yabikuye ku mugwi w’iterabwoba uharanira reta ya kiyisalamu. Igihugu c’Ubusuwede caciye kimera magabo mu buryo burenze ukwo babikoze mu kwezi kwa munani. Ico gihe hari hibonekeje abantu bagiye baraturira igitabo gitagatifu c’Abayislamu muri ico gihugu bituma abo muri iryo dini bagabisha ko bazokwihora biciye mu ntagondwa zabo.

Abategetsi bavuga ko batibaza ko ico gitero gifise isano n’intambara iri hagati ya Isirayeri n’umugwi wa Hamas wo muri Palestina.

Ico gitero cabereye ku birometero bike uvuye ku kibuga c’umupira w’amaguru; ahariko harabere urukino hagati ya ekipe y’Ububirigi n’iy’Ubusuwedi. Abategetsi baciye bahagarikira hagati urwo rukino, bagumizayo abarororezi barwo ibihumbi 35 bari baje kururorera mu kiringo c’amasaha abiri mu ntumbero yo kubakingira.

Forum

XS
SM
MD
LG