Kenya yasavye ayandi madeni Ubushinwa mu nama zerekeye umugabi w’igihugu c’Ubushinwa ujanye n’iterambere kw’isi, mu gihe amadeni ya Kenya atera yiyongera.
Prezida William Ruto asaba Ubushinwa irindi deni ry’umuriyaridi w’amadolari y’Abanyamerika naho muri iki gihe igihugu ciwe gifise ideni ringana n’imiriyaridi 70 z’amadolari y’Abanyamerika.
Prezida Ruto yari umwe mu bategetsi bitabiriye inama igira cumi y’umugambi w’igihugu c’Ubushinwa ujejwe iterambere kw’isi “Belt and Road”, yabereye mu gisagara ca Beijing.
Uwo mugambi ukomeye utegekanya gufatanya umugabane wa Afrika, Aziya n’Uburaya mu bikorwa vy’iterambere harimwo n’ibijanye n’umuyagankuba.
Itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Kenya Hussein Mohammed, rigira riti “Umukuru w’igihugu yiteguriye gushikiriza ijambo ryiswe “Ubutunzi mu buhinga bwa none, nk’inzira y’iterambere”. Iryo ni naryo jambo agiye gushikiriza, muri iyo nama mu Bushinwa.
Kenya ni igihugu kimaze igihe mu bibazo vy’amadeni. Gifitiye amabanki yo mu Bushinwa imiriyaridi zitandatu z’amadolari y’Abanyamerika, nk’uko inzego z’ico gihugu zivyerekana.
Vyari bitegekanijwe ko amwe muri ayo madeni yategerezwa kuba yarishwe mu mwaka wa 2023 no muri 2024.
Yamara ntibiramenyekana niba umukuru w’igihugu ca Kenya hamwe n’abamuherekeje bazohabwa uburenganzira bwo guhinyanyura ingingo z’amadeni igihugu gifitiye Ubushinwa kugira bashobore kuronka ayandi madeni canke bemererwe kwegereza inyuma ikiringo co kuriha ayo madeni.
Forum