Uko wahagera

Nyuma ya Misiri Shansoriye w'Ubudagi Olaf Scholz Aragendera Israyeri


Umushikiranganji wa Mbere (Shansoriye) w'Ubudage
Umushikiranganji wa Mbere (Shansoriye) w'Ubudage

Ni mu gihe ibihugu vyo mu burengero bw'isi biriko birakora ibishobotse vyose kugira ngo intambara hagati ya Isirayeri n'umurwi Hamas ntitandukire utundi turere.

Uyu mushikiranganji wa mbere Scholz kandi araba yabonanye n’umwani wa Jordaniya, Abdulah, mu gisagara ca Berlin, kuru uyu wa kabiri. Ambasaderi w’Ubudagi muri Isirayeri, Ron Prosor, ejo ku wa mbere, yabwiye Televiziyo y’Ubudagi, Welt, ko urugendo rwa Scholz ari ikimyenyetso co kwifatanya n’Abanyisirayeri. Yavuze ko ari we mushikiranganji wa mbere agendeye Isirayeri kuva ingwano hagati ya Israyeri na Hamas yadutse.

Shansoliye w’Ubudagi, Olaf Scholz, kuri uyu wa mbere, yatangaje ko uretse kwifatanya n’Abanyisirayeri, hari n’ibibazo vyerekeye umutekano n’ukugene ingwano itokwiragira mu karere azoganira n’abategetsi ba Isirayeri.

Scholz yatangaje ko kugira ivyo bigende neza, ategerezwa kuvugana n’impande zose Ubudagi bwarifatanije na Isirayeri kuva abantu batari musi y’i 1,300 bishwe, abandi batari bake bagiriwe imbohe n’umurwi Hamas. Olaf Scholz yatangaje ko ibitero vy’umurwi Hamas ari icaha c’iterabwoba atawokwihanganira.

Mu ndwi irangiye, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubudagi, Annalena Baerbock, yaragiranye ibiganiro n’abategetsi ba Isirayeri n’aba Misiri muri ivyo bihugu vyompi, ku kugene bohagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG