Uko wahagera

USA: Steve Scalise Ntacitoreje Kuyobora Inama Nshingamateka


 Steve Scalise
Steve Scalise

Steve Scalise, umushingamateka w'umurepublikani yatangaje ko atakigiye guhiganirwa ikibanza co kuyobora inama nshingamateka ya Amerrika. Ni inyuma y'uko adashoboye kuronka amajwi ahagije kugira atsindire ico kibanza.

Steve Scalise yabitangaje avuye mu nama yo mwiherero na bagenziwe b’abarepublikani mu nyubakwa ya Kongre ya Amerika. Scalise, umuntu w’intagondwa atsimbataye mu mico n’imigenzo ya kera aserukira Reta ya Lousiana.

Yatangaje ko abashingamateka b’abarepublikani bagwiriye mu nama nshingamateka ya Amerika bategerezwa kuja hamwe; ko yamara uko atariko ibintu vyifashe muri iki gihe. Umushingamateka Scalise yavuze ko hari bamwe bafise imigambi yabo ku nyugu zabo bwite.

Yatangaje ko yatangaje mu buryo bugaragara ko abashingamteka b’abarepublikani bategerezwa gushira ku ruhande imigambi yabwo ku giti cabo bwite, bagashimikira ku vyo iigihugu gikeneye.

Ibizokwirikira ntibitomoye mu gihe imirimo y’inama nshingamateka muri iki gihe isa n’iyahagaze. Ni mu gihe abarepublikani, bagenzura inama nshingamateka, bariko bagerageza gutora umuyobozi mushasha w’urwo rwego. Ni inyuma y’uko igitigiri gitoyi muri bo batoye hamwe n’abademoktare mu gukura Kevin McCarthy mu mabanga y’umukuru w’inama shingamateka ya Amerika. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG