Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, n'umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, basavye ibihugu vyo kw'isi kwiyamiriza vyivuye inyuma ibitero vy’umurwi Hamas, vyabaye giturumbuka,vyihaye inkumbi. Batangaje ko iki ari igihe ibihugu vyo kw'isi vyokwerekana uruhande biriko.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, ku murwa mukuru wa Israyeri, Tel Aviv, Netanyahu yashimiye Blinken kuba yaje muri Israyeri mu gihe iri mu bibazo bikomeye hamwe no kuba Amerika ibandanya gushigikira igihugu ciwe. Yavuze ku bitero vy’umurwi Hamas vyahitanye abanya-Israyeri barenga 1,000.
Netanyahu yavuze ku mabi yakozwe n’umurwi Hamas harimwo guturira abantu ari bazima, kubaca imitwe kunyuruza abana, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguzu, no kwerekana akamwemwe mu bushisha nkubwo. Yatangaje ko Prezida wa Amerika, Joe Biden yavugishije ukuri kugaragara mu ko ivyo umurwi Hamas wakoze ari ubunyamaswa butagira uko buvurwa.
Netanyahu avuga ati: Netanyahu: Umurwi Hamas umeze nk' umurwi Isis. Nk'uko Isis watujijwe, na Hamas uzotuzwa. Vyongeye Hamas ikwiye gufatwa nk'uko ISIS yaafashwe. Ukwiye gukurwa mu maakungu. Nta mutegetsi n'umwe akwiye kurana nawo,Nta gihugu na kimwe gikwiye kuwuha indaro: ibihugu navyo bizohirahira bikawa indaro, bizohanwa.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yashitse muri Israyeri mu gitondo co kuri uyu wa kane, yatangaje ko yaje muri ico gihugu muri iki gihe gihambaye cane nk’umuyahudi kandi nk’umuvyeyi.
Blinken yavuze ati: ‘Israeli irafise uburenganzira, ndetse itegerezwa kwivuna umwansi no gukora ibishobotse vyose kugira ngo ivyabaye ntizopfe bisubiye kuba. Ibihugu vyacu bigendera kuri demokrasis biritandukanya n’abakora iterabwiba mu kugendera ku mategeko n’ubutuntu’
Blinken yatangaje ko ibitero vy’umurwi Hamas biriko bigira ingaruka mu makungu yose. Yavuze ko mu vyabaye muri Israyeri, abantu bava mu bihugu 36 bitandukanye vyo kw’isi bishwe canke irengero ryabo ritazwi inyuma y’ibitero bigayitse vy’umurwi Hamas. Yatangaje ko ata ntara nimwe kw’isi ubwicanyi bwa Hamas butagizeko ingaruka. (VOANEWS
Forum