Uko wahagera

USA: Abarepublikane mu Myiteguro yo Gutora Umukuru w'Inama Nshingamateka


Ingoro abashingamateka b'aba republikane baza gutoreramwo umukuru w'inama nshingamateka y'Amerika mushasha
Ingoro abashingamateka b'aba republikane baza gutoreramwo umukuru w'inama nshingamateka y'Amerika mushasha

Muri Amerika, abashingamateka bo mu mugambwe w’Abarepublikane bariteguriye gutora umuyobozi mushasha w’inamanshingamateka kuri uno musi wa gatatu, inyuma y’aho uwahoze muri ico kibanza, akuwe mu mabanga yiwe, mu ndwi iheze.

Inama yabo iza kuba mu mwiherero kugira bumvikane k’uwugiye kuba umukuru w’inama nshingamateka mushasha. Mu nama y’uyo mugambwe yabaye ejo ku musi wa mbere, abitoza muri ico kibanza bari imbere y’abandi ni Jim Jordan na Steve Scalise. Barashikirije amajambo imbere y’abanywanyi b’umugwambe wabo, mu nzira yo kwiyamamariza kuja mu mabanga y’umukuru w’inama nshingamateka.

Ivyo bibaye inyuma y’ikurwa ry’uwahahora, Kevin McCarthy, mu ndwi iheze. McCarthy yasavye bagenzi biwe ko batomutora ngo asubire mu mabanga yiwe y’umukuru w’inama nshingamateka yahoramwo.

Abarepublikani bafise ibibanza 221 kuri 435 bigize inama nshingamateka y’Amerika. Ivyo bisigura ko bategerezwa kwunga ubumwe kugira bashike ku bwinshi bw’abashingamateka bakenewe kugira bahabwe uburenganzira bwo gutora umukuru wayo.

Muri aka kanya kuba ata mukuru w’inama nshingamateka ahari vyatumye ibikorwa vyose vyayo bihagarara haca hibonekeza ingingo nyinshi zari zikeneye gupfundikwa bitarenze ukwezi kuza kwa cumi na rimwe. Muri izo ngingo harimwo amategeko ashobora gutuma ibikorwa vya reta vyose bihagarara burundu. Izindi ngingo ni izijanye n’imfashanyo igihugu ca Ukraine gihabwa, na zo nyene zirindiriye kwihwezwa n’iyi nama nshingamateka.

Forum

XS
SM
MD
LG