Uko wahagera

Uburusiya Bwankiwe Ikibanza mu Kanama Kajejwe Agateka ka Muntu muri ONU


Uburusiya bwankiwe ikibanza mu kanama k'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kajejwe agateka ka muntu, mu matora yabaye kuri uyu wa kabiri.

Uburusiya ntibwashoboye gusubira kuronka ikibanza cabwo mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu inyuma y’uko ibihugu bitari bike biri mu nama rusangi bitoye, kuri uyu wa kabiri, kutemerera ico gihugu muri ako kanama.

Ni ikimenyetso ko utwigoro tw’amakungu two kubandanya gushigikira ingingo yo gucira ivomo Uburusiya kubera ibitero bubandanya gukora muri Ukraine, tugifise ingaruka zigaragara.

Uburusiya, mu matora yo kuri uyu wa kabiri, ntibwashobiye kuronka ikibanza na kimwe mu bibanza 2 vyo mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu, bigenwe ibihugu vyo mu karere k’Ubulaya bwo mu buserurko. Albaniya na Bulgariya ni vyo vyatahiye ivyo bibanza. Ivyo bihugu vyompi birashigikiye Ukraine. Yamara Uburusiya bwashoboye kuronka amajwi 83, musi gatoyi y’igice c’amajwi y’ibihugu bigize inama rusangi. Vyerekana ko icizere c’Uburusiya ko amakungu azogera aho yibagira ingwano muri Ukraine, gifise ishingiro.

Amatora yo kuri uyu wa kabiri ni igipimo ku gikorwa kiyobowe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi co gucira ivomo Uburusiya, kubera ibitero bubandanya gukora muri Ukraine.

Kuva Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine mu mwaka urangiye, hafi y’ibihugu 150 vyarashigikiye ingingo za ONU zisaba ko buva muri Ukraine atavyo bubanje gusaba. Ibihugu bitari bike vyarafatiye ibihano vy’ubutunzi Uburusiya. Yamara hari ibindi bitari bike vyabandanije kutagira uruhande bihengamiyeko. (The New York Times)

Forum

XS
SM
MD
LG