Ibiro vy'umushikirizamanza mukuru mu Burundi vyatangaje kuri uyu mugoroba ko umukuru w'ibanki nkuru y'igihugu BRB yahagritswe yongera arapfungwa.
Dieudonne Murengerantwari yikekwako ivyaha vyo kunyuruza amatungo y'igihugu, ukubangamira ubutunzi bw'igihugu n'ugukoresha amafaranga y'inkomoko mbi.
Itangazo ry’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Ijwi ry’Amerika ryaronse ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri rivuga ko Dieudonne Murengerantwari yahagarikiwe rimwe n’uwundi muntu. Ni umugwizatunga azwi kw’izina rya Sylvestre Niyonsaba.
Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eloge Willy Kaneza araduha ido n’ido kuri ino nkuru.
Forum