Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden yarabajijwe ibibazo n'abajejwe itohoza vyerekeye ukuntu yavyifashemwo ku bijanye n'inzandiko z'amabanga y'igihugu. Ibiro vyiwe ‘Maison Blanche vyatangaje iyo nkuru, kuri uyu wa mbere. Ni ikimenyetso ko itohoza ririko ritera rirangira.
Umushikirizamanza adasanzwe, Robert Hur, ariko yihweza niba Biden yaragumanye mu buryo buteye kubiri n’amategeko inzandiko z’amabanga y’igihugu igihe yari senateri n’igihe yari icegera ca prezida. Izo nzandiko zatowe imuhira iwe muri Reta ya Delaware, hamwe no mu biro yakoresha ku giti ciwe. Biden yatangaje ko atari azi ko yari afise izo nzandiko. Yavuze ko ata kintu kinini kihari ku vyerekeye izo nzandiko.
Ian Sams, umuvugizi w’ibiro vy’abajejwe guhanura Prezida ku bibazo bijanye n’amategeko, yatangaje ko Prezida Biden yishuye ibibazo yabajijwe ata gahato. Abajejwe itohoza bamusanze ku ngoro iwe, “Maison Blanche”, ku musi w’Imana urangiye, n’ejo ku musi wa mbere. Kuba abajejwe itohoza babajije Prezida Biden
ibibazo ku bijanye n’inzandiko z’amabanga y’igihugu vyerekana ko itohoza ryabo riri hafi yo kurangira.
Abajejwe itohoza bo mu biro vy’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Hur, barabajije ibibazo ivyabona batari bake ku vyo bazi ku nzandiko z’amabanga y’igihugu. Mw’itangazo, umuvugizi w’ibiro vy’abajejwe guhanura Prezida Biden ku bibazo vyerekeye amatageko, yamenyesheje ko ibiro vya prezida vyakoranye neza n’abajejwe itohoza. (AP)
Forum