Uko wahagera

Burundi: Abamugariye ku Rugamba Basaba Reta Kubagarukira


Bamwe mu bamugariye ku rugamba baba mu ntara ya Cibitoke
Bamwe mu bamugariye ku rugamba baba mu ntara ya Cibitoke

Abamugariye ku rugamba bo mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi basaba ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba kubegurira ibigwati begeranirijwemwo.

Bavuga ko bafise impungenge ko bashobora gusohorwa mu matongo bahawe umwanya uwariwo wose. Banavuga ko batavuzwa uko bikwiriye kandi baritangiye igihugu bakaba banafise amasezerano na Reta ko ibwirizwa kubavuza.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi colonel Floribert Biyereke arabahumuriza ko ata muntu n'umwe azobimura muri ayo matongo kandi ko n'uworamuka yitavye Imana umuryango wiwe uzohabwa impapuro ndangatongo. Kuvyerekeye kuvuzwa, amenyesha ko ari ikibazo kizwi kandi kiriko kiratorerwa umuti.

Ibitigiri bitangwa n’ikigo CEDAC kiraba iterambere ry’abahoze ku rugamba mu Burundi vyerekana ko abagera kuri 8.000 baturuka mu mihari itandukanye y’inyeshamba z’Abahutu zahoze zigwanya igisirikare ca kera cari ciziziwe n’inkehwa z’Abatutsi.

Abamugariye ku rugamba muri bo bashizwe mu bigwati bimwe. Abaraba ibintu n’ibindi bakavuga ko ari urugero rwiza rwo gusubiza hamwe no kunywanisha abahoze barabana ayingwe.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Burundi: Abamugariye ku Rugamba Babayeho Gute?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:03 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG