Abategetsi bajejwe amagara y'abantu muri Kenya bariko baratohoza indwara itazwi yageramiye abanyeshule b'abigeme barenga 90. Vyatumye bajanwa mu bitaro.
Abo bigeme biga kw’ishule ryisumbuye ryitwa, Eregi Girls High School riri mu ntara yo mu burengero bwa Kenya, batangaje ko bafise ibibazo vyo gutambuka n’ibimenyetso vy’ububabare mu mavi.
Umutegetsi akomeye mu bushikiranganji bw’indero wagendeye iryo shure, ku musi wa kabiri, yarahumurije abavyeyi b’abo banyeshule ababwira ko abategetsi bariko barakwirikirana hafi ivyabashikiye. Yavuze ko amasomo azobandanya ku bandi banyeshule, batarafatwa n’iyo ngwara.
Jared Obiero, umuyobozi w’ivyerekeye indero mu karere ko mu burengero bwa Kenya, yatangaje ko ubushikiranganji bujejwe indero, Reta yo muri ako karere, hamwe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu, biriko bikora ibishoboka kugira abanyeshule bagize ibibazo, bavurwe bikwiriye. Amaraso, umukoyo n’umwanda mukuru w’abanyeshule berekanye ibimenyetso vy’iyo ndwara itazwi vyararungitswe mu kigo gikorerwamwo ibipimo mu gisagara kiri hafi yaho ca Kisumu no ku murwa mukuru, Nairobi. Vyitezwe ko ivyavuye muri ivyo bipimo bimenyekana ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu. (AFRICANEWS)
Forum