Uko wahagera

RDC: Moise Katumbi Atavuga Rumwe na Reta Azohiganwa mu Matora ya Perezida


Umurwizatunga Moise Katumbi
Umurwizatunga Moise Katumbi

Umunyapolitike atavuga rumwe na reta muri Republika ya demokrasi ya Kongo, Moise Katumbi, yashikirije impapuro zo kumenyesha ko ashaka kwitoza mu mabanga y'umukuru w'igihugu, mu matora ategekanijwe mu kwezi kw'icumi na kabiri kw'uyu mwaka.

Mu bazohiganwa na Katumbi, umurwizatunga akomeye, yigeze kuba Bulamatari w’intara ya Katanga itunze ubutare bw’umuyumpu, barimwo prezida Felix Tshisekedi, azorondera kwitoza mu kiringo kigira kabiri. Azohiganwa kandi na Martin Fayulu, yarangije mu kibanza ca kabiri mu matora aheruka muri Kongo, na Denis Mukwege, yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel k’amahoro. Katumbi yavuze ko Kongo idakwiriye kwama irangwa n’ingwano, umutekano muke, ubuyobozi bubi, hamwe no kutubahiriza amategeko n’ubwingenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Umugambwe wa Moise Katumbi, “Ensemble pour la Republique”, watangaje ko uzoshikiriza imigambi yawo mu ndwi ziri imbere. Muri iyo migambi harimwo

kugarukana umutekano mu gihugu, kugwiza ubuzi no kuronsa gutuma abanyagihugu ibintu ngenderwako, bakeneye.

Igihe Prezida Felix Tshisekedi yashika ku butegetsi, yari yemeye guhagarika ikandamizwa ry’abanyapolitike batavuga rumwe na reta, na ruswa vyari bimaze imyaka itari mike mu gihugu. Yamara amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, n’abatavuga rumwe nawe bamwagiriza ko yaranzwe n’ikandamizwa, nk’iryaranze abo yasubiriye.

Ikiringo ca mbere ca Felix Tshisekedi, umuhungu wa Etienne Tshisekedi, yamaze igihe kirekire ari umunyapolirike atavuga rumwe na reta, caranzwe kandi n’ibibazo vy’ubutunzi, ukwiyadukiza kw’indwara zandukira n’ukwiyongera kw’ibitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho mu buseruko bw’igihugu. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG