Uko wahagera

OMS Yemeje Urucanco rwa Kabiri Rukingira Malariya


Urucanco rwa Malariya
Urucanco rwa Malariya

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ryemeje urucanco rwa kabiri rwo kwikingira indwara ya malariya. Hari icizere ko urwo rucanco ruzotangura gutangwa mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika mu mezi ari imbere. Urwo rucanco rushasha ruzwi kw’izina rya R21, rwatunganijwe na kaminuza ya Oxford hamwe n’ikigo, Serum Insitute of India. Ruza ruriko rurakoreshwa mu bihugu vya Ghana na Burkina Faso.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedrod Adhanom Ghebreyesus, yatangaje ko mu bice aho malariya ifise ibihe ikwiragirirako, urwo rucanco rwagabanije ibitigiri vy’abandura malariya ku rugero rw’ibice 75 kw’ijana mu kiringo c’amezi 12 yakwirikiye dose zitatu z’urwo rucanco. Dose ya kane yatanzwe umwaka w’inyuma y’iya gatatu yerekanye ko amabantu babandanya kwikinga malariya.

Ishirahamwe OMS, ryemeje urucanco rwa mbere rwa malariya mu mwaka w’i 2021. Urwo rucanco rwari ruzwi kw’izina rya RTS, S. Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yatangaje ko we nk’umushakashatsi ku ndwara ya malariya yahora arota umusi bazotora urucanco rukora neza ku ndwara ya malariya. Yavuze ko muri iki gihe bafise incanco zibiri. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG