Uko wahagera

Ikibazo c'Ubukene bw'Amazi Cabaye Ndanse muri Afrika y'Epfo


Abantu batonze imirongo batondeye amazi mu gisagara ca Qwaqwa, muri Afrika y'epfo
Abantu batonze imirongo batondeye amazi mu gisagara ca Qwaqwa, muri Afrika y'epfo

Ikibazo c’ibura ry'amazi kiriko kiribonekeza bikomeye mu bisagara bitari bike muri Afrika y'epfo.

Abategetsi b’ibisagara basigura ko ibura ry’umuyagankuba ririko rituma abantu imiliyoni n’imiliyoni babura amazi. Bavuze ko mu gihe ata matara aba ahari, ibikoresho bikenewe kugira bikure amazi mu bushinguro biyajana mu bisagara, bidakora. Dogiteri Gideon Groenewald umuhinga mu vyerekeye amazi yafashe akaruhuko ko mu zabukuru, avuga ko ivyatangajwe n’abo bategetsi b’ibisagara bidasigura igituma ububiko bw’amazi bugaragara.

Dogiteri Groenewald avuga ati: "Ikibazo kihari ni ukumenya niba ubwo bubiko bw’amazi bwatunganijwe mu buryo butari gukora neza. Kumenya ko ubwo bubiko bwari bufise ubushobozi bwo kwuzuza amazi ku rugero rw’ibice 80 kw’ijana igihe cose. Uko ni ko ubwo bubiko butegerezwa gutegekanywa. Ibintu ntivyategekanijwe ku buryo bihagije kugira bishobore gutuma ububiko bw’amazi buguma bwuzuye igihe cose. Ibikoresho bikura amazi muri ubwo bubiko bishobora kuba bidakora neza".

Groenewald yatangaje ko ibura ry’amazi mu bisagara muri Afrika y’epfo rifise ingaruka zikomeye ku banyagihugu, cane cane mu bitaro. Abandi bahinga bitegereza ibintu bavuze ko kuba reta yagenye abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo mu bibanza bikomakomeye vyerekeye ikibazo c’amazi, batabifitiye ubuhinga, aho kugena abahinga babimenyereye, biri mu biriko bituma ico kibazo kidatorerwa inyishu.

Yamara Reta ya prezida wa Afrika y’epfo yavuze ko abategetsi bose bakora mu gisata c’amazi babifitiye ubuhinga buhagije.

Forum

XS
SM
MD
LG