Prezida wa Kenya asaba amakungu kutirengagiza "amakuba" Haiti irimwo, igafashwa bidatevye.
Mw’ijambo Prezida wa Kenya William Ruto yashikirije igihe c’inama ya ONU igira 78 ibandanya kubera mu gisagara ca New York, yasavye akanama ka ONU kajejwe umutekano gushigikira umugambi wo kurungika inteko za ONU muri Haiti.
Prezida Ruto yasiguye ko Haiti ikwiye kwitabwaho n’amakungu gusumba uko biri.
Abategetsi baserukira ibihugu vyabo batandukanye bemeza ko mu ndwi iza, ibihugu bigize akanama ka ONU kajejwe umutekano bishobora gutangura kurimbura umugambi wo kurungika inteko za ONU muri Haiti.
Integuro y’umugambi wo kurungika izo nteko watanzwe n’Amerika. Kenya ivuga ko ari nka hamwe ingingo zo kurungika inteko za ONU muri Haiti zokwemezwa, yiteguriye kurongora ibikorwa vyose vy’uwo mugambi. Yemeye ko yorungika abapolisi bagera ku 1000.
Prezida Ruto yabwiye bagenzi biwe ati: “Twari dukwiye gushigikira Haiti nka kurya turiko turashigikira Ukraine, n’ibihugu biriko bihura n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe nka Libiya, Maroke na Hawayi. Ntitwari dukwiye kwibagira Haiti.”
Haiti nayo nyene ubwayo yarisabiye imfashanyo: Mu mwaka uheze, yasavye ONU ko yoyironsa inteko ziyifasha guhangana n’inkozi z’ikibi zikora amabi atandukanye mu mihingo yayo irimwo n’umurwa mukuru, Port-au-Prince.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, muri raporo yiwe yo mu kwezi guheze, nawe nyene yavuze ko Haiti ikeneye inteko mvamakungu ziyifasha kuva mu co yise “akajagari”, no kubahiriza amategeko.
Forum