Uko wahagera

ONU: Abantu Barenga 530 Barishwe n'Intagondwa muri Hayiti


Haiti Police Funeral
Haiti Police Funeral

Abantu bashika ku 160.000 muri Hayiti barataye ingo zabo bivanye n’ugutana mu mitwe kwiyongereye hagati y’imigwi y’abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho biremeye. Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryavuze kuri uyu wa kabiri ko rigereranya abantu barenga 530 bamaze kuhasiga ubuzima uyu mwaka.

Ibiro vya komiseri mukuru ajejwe ivy’agateka ka muntu muri ONU vyavuze ko iyo mirwi yongereje gutana mu mitwe kandi bisa n’ivyamenyerewe.

Amashirahamwe yigenga aharanira uburenganzira bwa muntu muri Hayiti, agereranya ko iyo migwi y’abagizi ba nabi igenzura umurwa mukuru wose, Port-au-Prince, hamwe n’igice kirenga ica kabiri c’igihugu.

ONU yongeye gutera akamo ibihugu vyose kunyarutsa kurungika inteko zidasanzwe muri Hayiti kubohoza igihugu.

Mu kwezi kw’icumi, reta ya Hayiti yasavye vyihuta abasirikare bafasha igiporisi, ariko nta gihugu na kimwe citabiriye ako kamo.

Ivyo biro vya ONU vyavuze ko abantu hafi 208 bapfuye mu ndwi zibiri mu Gutana mu mitwe gukomeye kwabaye mu ntango z’uku kwezi kwa gatatu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG