Uko wahagera

Gabon: Umuhungu wa Ali Bongo Yatawe mu Mvuto, Yagirizwa Guhemuka


Noureddin Bongo Valentin, umuhungu mukuru wa prezida wa Gabon Ali Bongo Ondimb
Noureddin Bongo Valentin, umuhungu mukuru wa prezida wa Gabon Ali Bongo Ondimb

Umuhungu wa Ali Bongo Ondimba, yahoze ari prezida wa Gabon, n'abantu batari bake bari bacuditse na we, bagirijwe ivyaha vyo guhemuka bikomeye cane na ruswa.

Umushikirizamanza mukuru w'igihugu, uno musi kuwa gatatu, yatangaje ko abo bose batawe mu mvuto. Ali Bongo Ondimba, afise imyaka 64, yatwaye Gabon, kuva mu mwaka w’i 2009, gushika kw’italiki 30 y’ukwezi kw’umunani kw’uyu mwaka. Ubutegetsi bwiwe bwarangiye kuri iyo tariki, igihe abasirikare bamukura ku butegetsi, muri kudeta.

Hari inyuma gatoyi y’uko ko hasokoye amakuru atangaza ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kiringo kigira kabiri. Ayo matora yabaye kw’itariki 26 y’ukwezi kw’umunani kw’uyu mwaka.

Abatavuga rumwe na reta hamwe n’abasirikare bakoze kudeta bari batangaje ko ivyavuye muri ayo matora vyaranzwe n’ubusuma. Baragirije kandi intwaro yari ihari imbere ya kudeta ko yaranzwe na ruswa ikomeye hamwe n’ubuyobozi bubi. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG