Ibikorwa vyo gutabara imbabare no kurondera abarokotse nyamugigima yasenyuye inyubakwa ikanahitana ubuzima bw’abantu barenga 2400 muri Maroke, vyabandanije kuri uno musi wa mbere. Igitigiri c’abamaze kumenyekana ko bishwe n’iyo nyamugigima kimaze gushika ku 2,497.
Reta ya Maroke yatangaje ko imirwi y’abajejwe gutabara imbabare yavuye mu bihugu birimwo Ubwongereza, Esupanye, Katari, Emira ziyunze z’Abarabu, iriko irifatanya na bo muri ivyo bikorwa vyo kurondera abo inyubakwa zoba zaguyeko mu bigwati biri mu misozi ya Atlas.
ONU igereranya ko abantu bashika ku 300,000 bahuye n’ibibazo vyatewe n’iyo nyamugigima itari bwibonekeze muri Maroke mu kiringo c’ikinjana.
Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yabwiye abamenyeshamakuru ejo ku musi w’Imana ko reta yiwe yiteguriye gufasha Maroke mu buryo bwose bushoboka.
Umwami wa Maroke, Mohammed wa gatandatu yafashe ingingo yo kugandarira abakiguyemwo mu gihe c’imisi itatu guhera ejo ku musi w’Imana.
Igisirikare catunganije ibikorwa vy’abajejwe gutabara imbabare harimwo no gushira mu ngiro itegeko ry’umwami ryerekeye gushira amazi, ibifungurwa no guha uburaro abantu barokotse.
Iyo nyamugigima yabaye ku musi wa gatanu yari ifise inguvu zo ku rugero rwa manyitide 6.8. Yakomerekeje abantu 2476 biyongereye ku bamaze kumenyekana ko bitavye Imana.
Ikigo ca Amerika gikurikiranira hafi vya nyamugigima hamwe n’ibindi vyaduka, kimenyesha ko iyo nyamugigima, yabereye neza na neza mu bumanuko bushira uburengero, ku birometero 72 uvuye mu gisagara ca Marrakesh.
Forum