Uko wahagera

Tanzaniya: Tundu Lissu Arabandanya Kuburabuzwa n'Ubutegetsi


Umukuru w'umugambwe Chadema utavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tanzaniya, Tundu Lissu
Umukuru w'umugambwe Chadema utavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tanzaniya, Tundu Lissu

Tundu Lissu, umunyaporitike akomeye atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Tanzaniya yarapfunzwe ku musi w'Imana, mu nyuma yaho ararekurwa n'igiporisi atanze ingwati. Igipolisi camwagirije ko yagirishije ikoraniro atabirekuriwe n'amategeko no kugeramira imirimo y'igipolisi.

Imbere yaho, Tundu Lissu yari yankiwe kuja mw’ikoraniro ry’abaharanira agateka ka muntu ryabareye ahitwa Ngorongoro, mu buraruko bw’igihugu.

Mu majambo yashikirije mu yandi makoraniro ya politike, Lissu yaranebaguye amasezerano yerekeye ikivuko gishasha reta yagiranye n’isosiyete ikorera mu gisagara ca Dubai, muri Emira zunze ubumwe z’Abarabu.

Tundu Lissu yatahutse avuye mu buhungiro mu kwezi kwa mbere k’uyu mwaka, inyuma y’uko ahunze igihugu ubugira kabiri kuva mu mwaka w’i 2020. Hari inyaka 3 inyuma y’uko arusimvye kw’igereragezwa ryo kumugandagura.

Umuyobozi w’umugambwe utavuga rumwe na reta, CHADEMA, Freeman Mbowe, yagirije prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, ko ariko agarukana intwaro y’agahotoro mu gihugu. Freeman Mbowe yagirije kandi Reta ya Prezida Samia Suluhu Hassan, ko ibuza amakoraniro y’abatavuga na reta kuba mu buraruko bw’igihugu. Abatavuga rumwe na reta bariko bagirisha amakoraniro asaba ibwirizwa shingiro rishasha, n’uburenganzira kurushiriza bwa demokrasi.

Mu kwezi kwa mbere, Prezida Samia Hassan Suluhu, yari yakuyeho ingingo yabuza amakoraniro y’abatavuga rumwe na reta. Vyari vyatumye Tundu Lissu, atahuka mu gihugu avuye mu buhungiro. Yari afise icizere ko Tanzaniya iriko ija mu nzira nshasha ya demokarasi. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG