Uko wahagera

Prezida Museveni Yemeza ko UPDF Yishe Abarwanyi ba ADF Barenga 560


Prezida Museveni wa Uganda
Prezida Museveni wa Uganda

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yatangaje ko kuva mu kwezi kw'icumi na kabiri, mu mwaka w'i 2021, igisirikare ciwe kishe abarwanyi barenga 567 b'umurwi urwanya ubutegetsi, Allied Democratic Forces, ADF, gikomeretsa n’abandi.

Prezida Museveni yavuze kandi ko ico gisirikare cafashe ibikoresho vya gisirikare 167. Museveni yavuze ko umurwi ADF uri mu bibazo bikomeye cane, ko uburyo bwonyene abarwanyi bawo bafise muri iki gihe ari kwishikana imbere y’ingabo z’igihugu ciwe. Yasavye abakora imirimo y’ubudandaji mu bisata vy’ugutwara abantu, mu masoko, n’amahoteri kurikanura, bakandika amazina y’abashitse babo bose kugira abarwanyi b’umurwi ADF ntibakoreshe ibibanza vyabo.

Umurwi ADF warakoze ibitero bitari bike vyihaye inkumbi muri Uganda, harimwo ibitero vy’abiyahuzi bawo vyakozwe hanze y’ibiro vy’igipolisi no hafi y’inyubakwa y’inama nshingamateka na nkenguzamateka mu mwaka w’i 2021. Ivyo bitero vyahitanye abantu indwi. Mu kwezi kw’indwi muri uyu mwaka naho, igitero c’umurwi ADF, cahitanye abantu 42, bagizwe ahanini n’abanyeshule, baagadaguriwe kw’ishule iri mu burengero bwa Uganda.

Umurwi ADF, ukorera mu mashamba yo muri Republika ya demokrasi ya Kongo. Uwo murwi warakoze ibitero muri Kongo na Uganda. Igisirikare ca Uganda, kibirekuriwe na Reta ya Kongo, carakoze ibitero ku murwi ADF mu ntumbero yo gusambura amakambi yawo, hamwe no gufata, no kuzimanganya abarwanyi bawo. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG