Uko wahagera

Uganda: Igiporisi Cahagaritse 5 Bakekwa Gutegura Igitero c'Iterabwoba


Igipolisi ca Uganda catangaje ko cahagaritse abandi bantu batanu, gitora n'ayandi mabombe atanu mu micugararo y'umurwa mukuru, Kampala. Reta ya Uganda ivuga kw’umurwi w'abarwanyi b'abayislamu, ADF, ari wo wari wateguye gukora ivyo bitero.

Abategetsi ba Uganda, bahagaritse umuntu wa mbere yikekwa muri ivyo bitero. Bamusanganye bombe mw’isaho hanze y’isengero yari yuzuye abantu ku musi w’Imana urangiye.

Igipolisi caciye gitangura guhiga abariko bategura ivyo bitero, aho baciye bahagarika abandi bantu batanu, gitora n’ayandi mabombe atanu nyene. Abapolisi baciye baturitsa ayo mabombe, mu buryo bwitondewe, nk’uko igipolisi cabitangaje ku musi wa mbere.

Catangaje kandi ko abanyagihugu boguma barikanuye ku bintu ivyarivyo vyose babona bidasanzwe, hamwe n’abantu babona bariko bigenza mu buryo budasanzwe mu gihe bagiye mu bibanza vyo gusumiramwo, gusengeramwo, kwinezerezamwo no guhimbarizamwo imisi mikuru.

Abarwanyi b’umurwi, Allied Democratic Forces, ADF, mu mpfunyapfunyo, bemeye gukwirikiza amabwirizwa ya Reta ya Kiyislamu, bakorera mu mashamba yo mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Kongo.

Mu kiringo c’imyaka itari mike, barakoze ibitero ku basivile n’abasirikare muri Kongo no muri Uganda. Mu bitero vyegekwa ku murwi ADF na Reta ya Kiyislamu birimwo igandagurwa ry’abantu 42 bari bagizwe ahanini n’abanyeshure, mu kwezi kw’indwi muri uyu mwaka, hamwe n’ibitero vy’amabombe vy’abiyahuzi vyabaye mu mwaka w’i 2021, vyahitanye abantu indwi. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG