Uko wahagera

Abanyemaroke Bariyamiriza Ubwicanyi Bakorerwa na Aljeriya


Imyiyerekano i Casablanca muri Maroke
Imyiyerekano i Casablanca muri Maroke

Abanyemaroke bagize imyiyerekano kubera agashavu k’abanyagihugu babo barashwe n’igipolisi ca Aljeriya.

Umushikiranganji wa Alijeriya ajejwe kwivuna abansi yemeje amakuru avuga ko abasirikare b’igihugu ciwe barashe mu mugwi w’abanyemaroke bari k’udupikipiki two mu mazi muri Alijeriya. Aremeza kandi ko hatowe ikiziga c’umuntu umwe. Ivyo vyatumye haduka ishavu mu banyagihugu muri Maroke.

Ivyo bihugu bibanyi nta migenderanire myiza bifitaniye, kandi imipaka yavyo mu nzuzi yugawe kuva mu mwaka w’1990. Ivyo vyatewe n’amatati ari hagati yavyo yerekeye akarere k’uburengero bwa Sahara hamwe n’ibindi bibazo hagati yavyo. Yamara naho biri ukwo, imishamirano hagati y’ivyo bihugu mu duce tw’inzuzi ntimenyere kuba.

Ibinyamakuru muri Maroke bitanganza ko abasirikare ba Aljeriya bishe abantu babiri mu ndwi iheze. Ubufaransa butangaza ko umunyagihugu wabwo umwe ari mu bishwe, uwundi nawe akaba apfunzwe.

Mu rwandiko bashize ahabona ku mugoroba w’ejo ku musi wa muntu ubushikiranganji bwa Aljeriya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko bwafashe udupikipiki two mu mazi dutatu twinjiye mu nzuzi za Aljeriya mu kinyegero. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG