Igihuhusi, Idalia, mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, cashitse mu bice vyegereye ikigobe ca Reta ya Florida, iri mu bumanuko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Cahashitse gifise inguvu ziri ku rugero 3.
Inyuma y’uko igihuhusi Idalia congereje inguvu zaco igihe cariko gica mu kigobe ca Megisike, cashitse muri Reta ya Florida n’imiyaga y’umuvuduko w’ibirometero 201 kw’isaha. Ikigo c’igihugu gikwirikirana ikirere muri Amerika, cagabishije ko imyuzure n’imiyaga ikomeye bishobora kwonona ibitari bike mu bice vyose vyegereye ikigobe ca Reta ya Florida. Imikuba ivuye mu mazi ari muri ico gigobe ishobora gushika ku rugero rw’imetero zine mu burebure.
Bulamatari wa Reta ya Florida, Ron DeSantis, mu gitondo ca kare co kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko iyo mikuba ishobora kugeramira abari mu nzira yayo. Yavuze ko ibice bishobora kugeramirwa kurusha ibindi birimwo igisagara ca Tallahassee n’ibindi bice vyo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Florida. Ikigo c’igihugu gikwirikirana ikirere muri Amerika, catangaje ko vyitezwe ko igihuhusi Idalia kibandanya kija mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta ya Florida inyuma y’uko gishitse ku butaka bwayo.
Ingaruka z’igihuhusi Idalia zizokwibonekeza mu bice nka vyose vyo mu buraruko no hagati muri Reta ya Florida. Izo ngaruka zizorangwa n’imiyaga ikomeye cane n’imvura y’isegenya n’imukuba ikomeye cane y’amazi mu bice vyegereye ibahari. (AFP)
Forum