Umutegetsi mukuru w'umusirikare ayoboye igihugu ca Sudani, Jenerali Abdel-Fattah Burhan, uno musi ku wa kabiri, yashitse mu gihugu ca Misiri, mu rugendo rwa mbere agize mu mahanga kuva Sudani igiye mu ntambara ikomeye muri uyu mwaka. Iyo nkuru yatangajwe n'abategetsi b'ico gihugu.
Jenerali Abdel-Fattah Burhan, yakiwe na Prezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi ku kibuga c’indege co mu gisagara ca el-Alamein kiri kw’ibahari Mediterane. Imbere y’aho, Sudani yari yatangaje ko abo bategetsi babiri bazoganira ku kugene ibintu vyifashe muri Sudani muri iki gihe, hamwe n’imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo vyompi bihana imbibe.
Mu rugendo rwiwe mu gihugu ca Misiri, Jenerali Abdel-Fattah Burhan, yari aherekejwe n’umushikiranganji w’imfatakibanza ajejwe imigenderanire Ali al-Sadiq na Jenerali Ahmae Ibrahim Mufadel, ayoboye urwego rujejwe iperereza mu gihugu hamwe n’abandi basirikare bakuru.
Mu ndwi iheze, Burhan yarashoboye kuva ku cicaro c’igisirikare ca reta. Yaragendeye ibibanza vya gisirikare mu gisagara ca Omdurman gifatanye n’umurwa mukuru, Khartoum hamwe no mu bindi bice vy’igihugu. Yagiye mu Misiri avuye mu gisagara ca Port Sudan kiri ku ibahari itukura.
Misiri ifitaniye imigenderanire imaze igihe kirekire n’igisirikare co muri Sudani hamwe n’abategetsi bakomeye baco. Mu kwezi kw’indwi muri uyu mwaka, prezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, yarakiye inama yahuje abategetsi b’ibihugu bibanyi na Sudani, aho yatangaje umugambi werekeye guhagarika ingwano muri ico gihugu.
Sudani yagiye mu kajagari hagati mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka igihe imishamirano hagati y’igisirikare ca reta kiyobowe na Burhan n’abiyonkoye kuri reta yayobowe na Jenerali Mohammed Hamdn Dagalo, ivuyemwo ingwano yeruye ku murwa mukuru, Khartoum no mu bindi bice vy’igihugu. Iyo ngwano yarononye ibitari bike ku murwa mukuru, Khartoum. Ni mu gihe ata ruhande na rumwe rwashoboye kwigarurira neza ico gisagara. (AP)
Forum