Mu Burundi muri ino misi haribonekeza ubukene bw’amafaranga y’amarundi mu bubiko bw’amabanki y’ubudandaji. Ivyo bituma abanywanyi b’ayo mabanki batacemererwa kubikura amafaranga yabo ku rugero bipfuza.
Imyidogo ni myinshi ku banywanyi b’amabanki y’ubudandaji mu Burundi muri kino gihe basigaye bagenda kubikura amafaranga y’amarundi, ayo mabanki akabankira gutwara ayo bipfuza kandi bayafise ku makonti yabo.
Abarongoye ayo mabanki y’ubudandaji baremeza yuko batanga amafaranga makemake kuko ata menshi baba bafise mu kigega. Menshi muri ayo mabanki ntacemerera umunywanyi kubikurira rimwe amafaranga y’amarundi arenga ibihumbi amajana atanu (500.000), ibanki yinanase irashobora kurekurira umuntu agatora ayashika umuriyoni (1.000.000) ariko si kenshi. Muri ya mashirahamwe yo kuziganya no kugurana hoho benshi barankirwa kubikura ayarenga ibihumbi amajana atatu (300.000).
Bamwe mu barongoye amabanki y’ubudandaji n’amashirahamwe yo kuziganya no kugurana bakavuga yuko Ibanki nkuru ya Repuburika BRB itakibaha amafaranga ku rugero rushimishije. Hari uwagize ati “Burya n’inka ikamwa ico yariye, tugerageza kubaha makemake kugira turabe yuko hatohava hagira abayabura burundu kuko BRB iduha intica-ntikize muri ino misi. Ariko iyo habonetse benshi baza kuziganya turashobora kurekurira ababikura bagatora nk’ayagera ku muriyoni umwe (1.000.000), ariko si kenshi”. (VOA)
Forum